Test Footer

Misteri

Recent Post

Burundi: ukwo vyagenze uno musi muri primusic

Mac For Worlding | 25.8.13 | 0 commentaires

Kur'uyu  wa gatandatu igenekerezo rya 24/08/2012 niho haba igice ca kane gishira ica nyuma muri rya higanwa rya primusic .Abaririmvyi 46 bava mu ntara 17 zigize igihugu cacu c’ Uburundi nibo batowe mu ntara zabo nibo bariko bahiganwa.

Nkuko vyama abaserukize ba primusic bakomeza guteramisha abaje mur ivyo biteramo abo nabo s abandi ni RALLY JOE,SAT B tutibagiye naca gihangange BIG FIZZO nawe akaba yaritavye ico giteramo  avuye mu gihugu asanzwe abamwo c’ubufaransa.


MC wuwo munsi akaba atoroheje ibintu birenze uko yahora abikora nawe akaba ari CHRISTIAN NSAVYE. mu gice ca mbere hakaba hatanguye kuririmba abaririmvyi 12 umwe mu baserukize b aprimusic aca aza kuba ateramisha abari ngaha bandi baririmvyi 20 nabo babona kuza kuririmba
Nkuko twabibonye nuko abantu bitari vyoroshe kubona abaza kubandanya kuko nka benshi muribo baririmba neza.Aho mwomenya yuko abantu barisinzi cane

Abari mwihiganwa bahejeje kuririmba  umugwi wa jury waciye mwiherera kugira uze gushikiriza abaza kubandanya mugice ca kabiri.Mur uyo mwanya haciye haba igiteramo cababaserukize ba primusic abantu bakaba bararyoheye cane mur uyu mwanya.Umurirmvyi SAT B n umugwi wiwe bakaba batoroheje ibintu kuburyo abantu bahevye bagwanira umupira yari yambaye yatereye abari ngaho mu giteramo.
Uwaserukiye jury nawe abenshi tuzi kw izina rya  Buddie  akaba yatumenyesheje yuko bitoroheye jury kuburyo ngo mu gutora habaye ico bita tirage au sol.Abaririmvyi 12 nabo akaba ari
Samatha , Nahayo Georges,irandagiye aletta,ntaganzwa olga,Ninteretse Jean Marie Christian,Matabaro Patient,Amissi Jean,Mgisha Jean Junior,Gateka Landry Michel,Mujimbere  Gabriel,Bitariho Alidi,Mfura Alain Michel.

Abo 12 batoye bakaba bazoca  bahigarirwa mu gice ca kabiri.Ico giteramo kikaba kizobera mu ntara ya Gitega itariki 1/09/2013 igihe c isaha munani z umuhingamo.umurirmvyi Fizzo akaba ariwe yarangije igiteramo c uwao munsi.
 
Inkuru tuyikesha uwari yashitse kukibuga ca EFI mu Nyakabiga akora muri blog ya Kibra News ariwe Berthier Mugiraneza.

Category:

About GalleryBloggerTemplates.com:
GalleryBloggerTemplates.com is Free Blogger Templates Gallery. We provide Blogger templates for free. You can find about tutorials, blogger hacks, SEO optimization, tips and tricks here!

0 commentaires